'Mama wanje yamaze imyaka angira umurwayi nibigirankana, gushika aho umuganga amuhinyura'

Ifoto yafashwe mu 1982 yerekana Nina Blom afise imyaka indwi. Ari mu nzu, yambaye ikanzu yo mu gihe c'ubushuhe. Afise umushatsi mugufi ugomba gusa n'umuhondo ariko uyagayaga, kandi mu maso hiwe hagaragaza ko anezerewe.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Nina Blom

Insiguro y'isanamu, Nina Blom ku myaka indwi y'amavuka
    • Umwanditsi, India Rakusen
    • Umwanditsi, Radek Boschetty
    • Igikorwa, BBC Outlook*
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 7

Nina Blom yakuriye mu Buholande mu myaka ya 1970 na 1980, kandi yaboneka nk'umwana asanzwe. Yakunda umuziki, kuririmba no kuvyina, kandi aracibuka ingene yakina n'uwo bavukana w'umukobwa, bakanezerwa rwose, bari mu nzu iwabo.

Ariko rero, ivyo bihe vy'umunezero ntivyabaho kenshi.

Yemererwa kuva mu nzu rimwe rimwe gusa. Ageze ku myaka umunani, mama wiwe yamwemeje ko arwaye cane. Mbere, yama amujana kwa muganga no mu bitaro kugira agirirwe ibipimo yongere avurwe. Mu myaka mikeyi gusa, yamujanye mu bitaro bitandatu bitandukanye, incuro 15.

Harageze n'igihe uwo muvyeyi atuma Nina atangura kugendera ku gakinga k'abafise ubumuga, amwemeza ko arwaye ingwara y'imitsi idakira kandi ko igiye no kumuhitana.

Mu myaka yakurikiye, abaganga benshi baramupimye, ariko nta n'umwe yigeze atora ingwara. Vyasavye ko umwe muri bo agira isuzuma ryimbitse, afatiye ku makuru ajanye n'uko ibintu vyagiye bikurikirana, abona guhinyura ko ingorane yari ihagaze kuri mama wiwe.

"Syndrome de Münchhausen par procuration" (SMpP) canke "Maladie fabriquée ou induite", ni ubwoko bw'ihohotera rigirirwa umwana, aho uwumujejwe canke umurezi wiwe – kenshi umuvyeyi – arenza urugero, akarementanya nibigirankana canke akemeza ko uwo mwana arwaye.

Imvo zitera iyo nyifato ntiziratahurwa ijana kw'ijana gushika ubu.

Ukwinjizwa kwa mbere mu bitaro

Igihe Nina yari afise imyaka umunani, yaciye atangura kuja ararwara mu nda yongera arata n'ibiro.

Yaciye yinjizwa ibitaro. Ico gihe, bamuha umutobe w'icamwa citwa 'pomme' n'isupu, kandi mu buryo butangaje yaca atangura gutora mitende.

"Umuganga yaguma agira ati, Nina ameze neza... arashobora gutaha", ni ko Nina avyigana.

Ariko mama wiwe ntiyabishima kuko yaguma ashimika ko basubira kwa muganga, kandi akamutegeka kubwira abaganga ko akibabara mu nda, n'ubwo ata bubabare yari afise.

Ifoto ya kera yerekana Nina afise imyaka itatu, ariko arakinisha terefone ya kera yirabura ifise urutsinga rurerure. Ariko araba hejuru kandi ariko aratwenga. Icumba arimwo gifise impome zisharijwe mu buryo bwo mu myaka ya 1970.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Nina Blom

Insiguro y'isanamu, Akiri akana gatoyi, Nina yarashobora gukina anezerewe

Ivyo vyagumye biba vyisubiriza mu kiringo c'imyaka myinshi yakurikiye.

Umusi umwe, igihe umuryango wari mu karuhuko, Nina yavuze ko yumva ababara inyuma y'umwimenyerezo wo kwoga. Ubwo nyene, mama wiwe yaciye yemeza ko afise ingwara y'imitsi, aca agirako afata ingingo yo kumusubiza kwa muganga.

Nina agerageje kubihakana, nyina yamwishura ati: "Ntumaramaze. Urafise ububabare, kandi ivyo ni vyo uza kubwira umuganga."

Ivyo vyaratesha umutwe Nina cane.

Agira ati: "Numva niyagiriza kubera nariko ndabesha, nkabikora ndi mu cumba aho nari kumwe n'abana barwaye kansere, kandi bo bari barwaye vy'ukuri". Nama nibwira nti: "Nta na kimwe ngwaye.'"

Umuhungu yari aryamye ku gitanda cari iruhande yiwe yapfuye Nina akiri mu bitaro, ivyongereje muri we ukwiyagiriza.

'Yari ruburakigongwe'

Mw'ifoto itagiramwo amabara, akana gatoyi (Nina) kari ku bibero vya nyina, bicaye hasi. Nyina arunamitse umutwe ku buryo mu maso hiwe hatagaragara. Impande yabo, hasi, hari ibitabu bibiri vy'abana.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Nina Blom

Insiguro y'isanamu, Nina Blom afise imyaka itatu, ari kumwe na nyina
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nina yakorewe ibipimo vyinshi kwa muganga, harimwo n'ibimubabaza cane nko gusuzuma urugero rw'umusokoro wo mu magufa. Ariko abaganga nta ngwara n'imwe bigeze batora.

Nyina yama iruhande yiwe, kandi igihe cose yabona Nina ariko aramwenyura vyaramushavuza agaca amuhana.

Inyuma yo kumara indwi zine mu bitaro, abaganga amaherezo bafashe ingingo yo kumurekura arataha. Ariko agishika muhira, nyina wiwe yaciye amwicarika ku gakinga k'abagendana ubumuga, amukura kw'ishure maze amutegeka kwama aryamye ku gitanda yari yateguriwe mu cumba c'abashitsi.

Ntiyari akibonana n'abagenzi biwe, kandi mama wiwe yaciye amwaka n'uburenganzira bwo kwumviriza umuziki yakunda. Nina yama anyegeje amaboko yiwe mu mupira w'imbeho, ariko ayo maboko harageze igihe araruha cane atangura gutonekara. Aho, nyina yaca yihutira kuyahambira, aho yasigura ko umwana yashikiwe n'ikintu kidasanzwe.

Ayo ma 'bandes' yamubohesha yaba akajije cane ku buryo hagera igihe amaboko n'intoke ziwe bigafatwa n'ikinya. Umuntu abikozeko nta na kimwe yumva. Kandi ivyo vyasa n'ibihimbara nyina. Nina agira ati: "Sinshobora kubabwira ukuntu vyambabaza mbonye umengo mama ariko aranezerezwa n'ivyo yariko arankorera."

'Ugiye gupfa'

Ifoto yo mu 1982 yerekana Nina afise imyaka 11 yicaye mu kagare k'abagendana ubumuga mu cumba c'abashitsi. Yambaye impuzu zifise imirongo y'ibara ry'urwatsi rubisi n'iry'umuhondo, hejuru y'agapira k'amaboko maremare gafise ibara rigomba kwera. Inyuma yiwe hari idirisha ririko irido ry'ibidanteri.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Nina Blom

Insiguro y'isanamu, Igihe cose umuryango wimukira mu yindi nzu, Nina yaca ajanwa ku bandi gaganga

Uko imyaka yagenda yigira imbere, ivyo nyina yavuga vyagenda bihindagurika. Yabwira Nina ati: "Ninasanga utari ufise ububabare, ukaba ari ivyo wigira, nzoguhasha".

Nina yaca arushiriza kuzazanirwa. Avuga kandi ko yumva "atakimenya uwo ari".

Kubera ko yamara igihe kinini aryamye kandi amaboko ahambiriwe n'ama 'bandes', umubiri wiwe wagenda utakaza inguvu bukebuke. Vyabaye ngombwa ko abaganga bamurungika mu kigo c'igororero.

Aho ni ho yongeye kwiga gutambuka, mbere aca akundana n'umuhungu yari arwariye muri ico kigo.

Bwabaye ubwa mbere mu myaka myinshi, Nina yumva anezerewe.

Ariko igihe ico kigo camurekura kugira aje aramara imisi y'akaruhuko k'impera z'indwi i muhira, nyina yaciye asubira kumuganza no kumuremera. Yamutegeka gusubira kwiboha n'ama bandes amubabaza cane kandi amubuza kuva ku gitanda.

Uwo muvyeyi yemeza ko Nina yari afise indwara y'umutima, maze umusi umwe amubwira ati: "Ugiye gupfa."

Nina avuga ko yumiwe akabura ico asubizayo. Ati: "Bwabaye ubwa mbere niyumvisemwo ko ndi jenyene koko".

"Vyasa nk'aho nariko ndakorokera mu manga y'umwijima".

'Muganga, ndashaka gupfa, urashobora kubimfashamwo?'

Ifoto yerekana Nina akiri muto ari hanze y'ibitaro mu 1990, afise 'ice cream' mu ntoke. Hakurya yiwe hari ibiti n'inyubakwa nkeya, ariko bitagaragara cane.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Nina Blom

Insiguro y'isanamu, Nina ariko afungura ibarafu (ice cream) ari mu bitaro, inyuma y'uko akuwe muhira mu 1990

Munyuma, hari ikintu cahindutse.

Mu gihe yari yasubiriye kwinjizwa ibitaro, Nina yahuye n'umuganga mushasha afasha abana, Dr Vrienten.

Uwo muganga yamubwiye ko ashaka kumuronderera ikigo kirimwo abahinga boshobora kumufasha kugorora neza amaboko n'amaguru vyiwe hamwe n'ingingo z'umubiri, kugira asubire kugendagenda.

Nina yaratangaye kandi arumirwa.

Nyina yama amubwira ko afise indwara y'imitsi ikomeye kandi ko izomwica. Mu mutima wiwe yari asanzwe afise amakenga, ariko ntiyari bwigere agira umutima wo kubaza ibibazo.

Uwo musi nyina yarashavuye cane. Bashitse i muhira, yamufashe amaguru arayahata ayanyuranya kugira apingame nk'urudome X, agakoresha imisego. Nina yarababara cane gose.

Nyina yahavuye mbere amushiramwo, ku nguvu, umuringoti wo kumugaburira uca mu zuru ugashika mu nda, aca anamutegeka gufata ibinini 20 ku musi.

Igihe kimwe bari kwa muganga, nyina yasavye ko Nina afashwa kurangirizwa ubuzima (euthanasie). Nina yaravyemeye kubera yari arwaye kandi aremerewe cane rwose. Yabwiye umuganga ati: "Muganga, ndashaka gupfa. Urashobora kubimfashamwo?"

Umuganga yaciye yigira hirya, avugana akanya gato na mama wiwe, mu nyuma amwandikira umuti witwa 'morphine' ukaze cane ushobora gutuma atumva ububabare mu kiringo c'amasaha 24.

Yavuze ati: "Tuzomugumiza asinziriye."

Ukurokorwa

Ifoto itagaragara neza cane yerekana Nina yicaye ku gitanda co mu bitaro, mu cumba c'abarwayi.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Nina Blom

Insiguro y'isanamu, Ku ncuro ya mbere, Nina yicaye, yambaye impuzu zisanzwe, mu 1989

Ariko Dr Vrienten yari amaze gutahura ukuri kwose kw'ivyabaye. Yaciye ahamagara abajejwe gukingira abana.

Umusi umwe, hari umugore umwe yinjiye mu cumba Nina yari arwariyemwo amubwira ko agira amujane mu bindi bitaro. Nina yaramwinginze ati: "Oya, ndakwinginze. Nimundeke mpfe".

Yaciye abona ko nyina yatanguye kugira ubwoba. Hafi yabo hari hahagaze abapolisi babiri.

Bidatevye, Nina bamushize ku gitanda gitwara abarwayi, maze bamwuriza rusehabaniha baramujana.

Ama 'bandes' yari ahambiriye amaboko n'amaguru yiwe baciye bayamukurako, mu cumba ciwe bashiramwo kamera ifata amasanamu.

Mu misi ibiri yakurikiye, ntiyabonanye na se canke nyina.

Amaherezo, igihe abavyeyi biwe baza kumuraba, Nina yababwiye incuro nyinshi ati: "Singwaye."

Yabivuze incuro nyinshi. Yabivuze incuro 18.

Nyina yibagiye ko kamera yariko irafata amasanamu, aca arashavura. Ivyo vyabaye icemezo cerekana ivyo yari amaze imyaka myinshi akorera Nina.

Gusubira kwubaka ubuzima bwiwe

Ifoto y'ubu yerekana Nina yarakuze, ariko araraba muri kamera kandi amwenyura.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Nina Blom

Insiguro y'isanamu, Nina yafashe ingingo yo kwibagira ivyamushikiye muri kahise, ahitamwo guhimbaza ukurokoka kwiwe

Inyuma y'igihe runaka, Nina yafashe ingingo yo guca burundu imigenderanire yose n'abavyeyi biwe. Yajanywe mu kigo gishobora kumufasha kugorora umubiri wiwe no kuwusubiza inguvu, kikitaho n'amagara yo mu mutwe.

Mu nyuma, yaciye aja kuba mu kindi gisagara, arahindura n'amazina.

Yarashoboye kwubaka ubuzima bushasha: kurangiza ishure ry'imyuga, kuronka akazi n'umukunzi.

Abavyeyi biwe ntibigeze bemera ivyo bamukoreye. Hari n'igihe bahaye akazi umuntu yigenga akora amatohoza kugira ngo amurondere, ivyo bikaba vyaramubabaje, bimusubiza mu gahinda n'intuntu.

Nina yarigeze kwiyumvira kubitwarira mu butungane - ikintu ata n'umwe yari bwagikore kuva arokowe. Ariko yahavuye ahitamwo kuvyihoza. Inyuma y'imyaka mikeya, abavyeyi biwe bompi barapfuye, umwe inyuma y'uwundi.

Nina agira ati: "Ivyo abavyeyi banje bankoreye ni icaha. Kwari uguhohotera umwana mu buryo bukomeye, kandi nahatswe kuhasiga ubuzima".

Yamara, arakenguruka ko ubu ubuzima bwiwe bumeze neza.

Ati: "Nezerejwe cane n'uko narokotse, kandi haracari vyinshi bituma nkenera kubaho".